Burundi

Ubwicanyi bwo mu 1972 : MSD ibuvugako iki?

Kuri uwu wa 29 Ndamukiza 2022, imyaka 50 irarumanye habaye ubwicanyi bwahitanye Abarundi benshi mu gihugu. Uno musi, umugambwe MSD washimye kwerekana aho uhagaze kuri ubwo bwicanyi bwahitanye inzirakarengane isinzi mu 1972. Uwurongoye umugambwe MSD avuga ko uwu musi ari uw’agahinda n’intuntu. Ku bwiwe, igenekerezo rya 29 Ndamukiza ni umusi wofatwa nk’intango y’amabi n’ubwicanyi bwose […]