Ubwicanyi bwo mu 1972 : MSD ibuvugako iki?

Kuri uwu wa 29 Ndamukiza 2022, imyaka 50 irarumanye habaye ubwicanyi bwahitanye Abarundi benshi mu gihugu. Uno musi, umugambwe MSD washimye kwerekana aho uhagaze kuri ubwo bwicanyi bwahitanye inzirakarengane isinzi mu 1972.

Uwurongoye umugambwe MSD avuga ko uwu musi ari uw’agahinda n’intuntu. Ku bwiwe, igenekerezo rya 29 Ndamukiza ni umusi wofatwa nk’intango y’amabi n’ubwicanyi bwose bwagiye burakwirikirana mu Burundi. Alexis Sinduhije ati « 88, 93, gushika n’ubu Reta zicica abanyagihugu ». Uwo arongoye Umugambwe uharanira Gufatana mu nda na Demokarasi amenyesha ko ari umusi wo kwibaza uti « mbega barya Barundi bishe, ubutunzi bari kuvyarira Uburundi bwari kungana gute? Uruhombo twagize rungana gute ko benshi bari bifise kandi benshi bari abakozi? Ubukene dufise uno musi bwoba bufise intango hariya? ». Ni umusi wo kwigisha abitwa ko ari abanyeporitike ku bw’uwurongoye umugambwe MSD. Alexis Sinduhije ati abapfuye ni benshi kandi ni vyiza kubandanya kubibuka ariko rero ngo vyokwigisha Abarundi ingene bohagarika ubwicanyi na cane cane amareta uko agenda arabisikanya. Umugambwe MSD wowo ariko urafise inyishu. Inyishu ni demokarasi y’ukuri ku bwa Alexis Sinduhije. « Ni demokarasi iha abanyagihugu bose uburenganzira bw’ukwitorera ababatwara ». Uwo arongoye MSD ati umusi umunyagihugu, kubera ijwi ryiwe, azoba sebuja w’uwutwara, uwo musi abatware bazokwubaha umunyagihugu. Ati ni bamwubaha, ntibazosubira kumwica.

MSD ibona ko ata nsiguro n’imwe yotuma Umurundi yicwa

Alexis Sinduhije ati « nta nsiguro n’imwe yotangwa iyo Reta iriko iriyicira yonyene abanyagihugu bayo kandi ariyo yari ijejwe kubakingira ». Uwo arongoye MSD ati benshi iyo bariko barabisigura bavuga ko abansi b’igihugu bo mu bwoko bw’abahutu barateye mu bumanuko bw’igihugu bica abatutsi hanyuma ubutegetsi burivuna. « Ntushobora kwivuna abanyagihugu bawe batekanye ubahora ubwoko basangiye n’abicanyi baje kwica abandi banyagihugu bawe aho kubatabarira rimwe bose hamwe ». « Ntushobora kuja kwica ibibondo biri kw’ishure ». Alexis Sinduhije ati nta mpari zikwiye kuhaba. « Aho twebwe duhagaze muri MSD ni uko ubutegetsi bwariho mu 1972 bwishe abantu bo mu bwoko bw’abahutu baciye ubwenge, bari bize amashure n’abandi bari bifise kandi bikaboneka ko vyari vyateguwe ku ko babarondera mu mpapuro, bari babazi ». Alexis Sinduhije ati ikindi cabonetse ni uko bashaka kubica bose bakabamara. Umugambwe MSD, n’aho ubonamwo ibimenyetso vy’ihonyabwoko, siwo ubijejwe arico gituma ishirahamwe mpuzamakungu, rifise ubwo bubasha, ariryo rizomenya uko ryita ubwo bwicanyi. Alexis Sinduhije ati « twebwe gusa aho duhagaze ni uko burya bwicanyi ari iceyi, ari iceyi ».

Nta bwoko bwica hica intwaro mbi

Umugambwe MSD ufata umugwi CVR nka kimwe mu bisata vy’umugambwe CNDD-FDD kuko kivuga ivyo gitumwe na Reta hamwe na CNDD-FDD. Ku bw’urongoye MSD, ingene bagenye umugwi CVR ntibijanye n’amategeko kandi bihonyanga amasezerano y’i Arusha. Ku bwa Alexis Sinduhije, uriya mugwi ubesha ko abatutsi bishe abahutu. Ati nta bwoko bwica ubundi bwoko, hica intwaro mbi. Uwurongoye umugambwe MSD atanga akarorero k’ubwicanyi bwabereye mu Budagi. « Nta wuvuga ko Abadagi bishe Abayahudi ahubwo bavuga ko intwaro ya Hitler, intwaro y’abaNazzis, ariyo yishe Abayahudi ». Ivyerekeye ubwicanyi bwabereye muri Afrika y’Epfo, Alexis Sinduhije ati « umugwi ujejwe ukuri n’ukunywanisha wo muri Afrika y’Epfo, ntaco upfana n’urya wa harya i wacu, nta na rimwe wigeze uvuga ko abazungu bishe abirabure ariko uvuga ko Reta karyanishamiryango Apartheid ariyo yishe abirabure ». Ariko rero, ku bwa Alexis Sinduhije, Reta ya CNDD-FDD ntinezwe kunywanisha abantu ahubwo irajwe ishinga no kubacamwo imigwi. « Murazi neza Petero Nkurunziza atwara, yaramaze abantu, yarishe abantu benshi bo mu migambwe yose. Uno musi Ndayishimiye arabandanya kwica, yaramukoreye mu ngata ». Ariko ku bw’uwurongoye umugambwe MSD, ejo hazoza abantu bazobikurikirana kuko umuntu yapfuye atijana. « Ni bavuga ngo abahutu barishe, bazoba bariko barabesha kandi bazoba bagomba guteranya Abarundi ». Ku bwa Alexis Sinduhije, « abishe mu 1972 ni Reta ya UPRONA, aba JRR n’abasirikare ». Ati abica uno musi ni Reta ya CNDD-FDD, imbonerakure, abasirikare n’abaporisi. « Nta bwoko bwica, hica intwaro mbi ».


Retour