Alexis Sinduhije: « Kugira dukire inzara n’ubukene, tubanze dukire ubwoba »

Umugambwe MSD ubona ko akagwi gato kari kw’isonga mu butegetsi bwa CNDD-FDD ari ko katoye umugambi wo gukenesha no gusonzesha abarundi kuva kera. Uwurongoye uwo mugambwe amenyesha ko Abarundi batari bake bagumye babifata minenerwe bibaza ko Reta izokwikubita agashi naho shwi.

Alexis Sinduhije atanga akarorero k’abanyagihugu bamaze imisi baganira. Inyuma y’abo yavuze mu kiganiro giheruka b’i Bugendana mu ntara ya Gitega, mu Kamenge mu gisagara ca Bujumbura, i Nyanza-Lac mu ntara ya Makamba n’i Bugenyuzi mu ntara ya Karuzi, uwurongoye MSD atanga uturorero tw’abana bahevye amashure kubera inzara mu makomine ya Musigati mu ntara Bubanza, Bweru mu ntara ya Ruyigi hamwe na Mugamba mu ntara ya Bururi. Ibiharage vyaraduze cane igiciro ku bwa Alexis Sinduhije yibutsa ko ari igifungurwa cari gisanzwe kiribwa cane n’Abarundi. Umuceri hamwe n’ibindi bifungurwa vyaraduze ibiciro nk’uko uwurongoye MSD abandanya abivuga. Ku bwiwe, Abarundi bicwa n’inzara kubera CNDD-FDD itunganya nabi igihugu.

Gutuza ivyuma vyunguruza abantu i Bujumbura

Umugambi wo gukenesha abanyagihugu, Reta ya CNDD-FDD yawutanguye kuva kera ariko Abarundi batari bake ngo bagumye babifata minenerwe. Ku bw’uwongoye MSD, abategetsi ntibipfuza kubona Umurundi ariko ariyungunganya mu kugura agapikipiki canke agakinga gaca amafaranga yo kwibeshaho. Alexis Sinduhije atanga n’uturorero tw’amasoko avuga ko ari Reta ya CNDD-FDD yayaturiye mu mihingo itandukanye y’igihugu. Uwurongoye umugambwe MSD ati mu misi iza abanyagihugu bazonyagwa amatongo n’ako kagwi gato k’abategetsi bo muri CNDD-FDD gafukamye mu nda igihugu.

Umuti ni ugutsinda ubwoba

Irya Reta ishobora ibi bibi vyose kubera yubatse ubwoba mu banyagihugu ku bwa Alexis Sinduhije. Uwurongoye umugambwe MSD ati ubwoba buri mu banyagihugu batobato, mu bakozi ba Reta, mu mbonerakure, mu baporisi hamwe no mu basirikare. « Uno musi nta basirikare bashobora kuduza ijwi ngo bavuge bati hari bagenzi bacu baguye muri Somariya, ibiziga vyabo ni tubizane tubihambane iteka ngaha, kandi bazi neza ko umusirikare utamuhebera ku musozi ». Alexis Sinduhije ati « kubera ubwoba nta musirikare n’umwe yubahuka kubicisha mu kanwa kugira imiryango yabuze ishobore kugandara ». Alexis Sinduhije ati abasirikare n’abaporisi batari bake bavundiye mu Mpimba, abandi nabo ngo barishwe n’ubutegetsi bwa CNDD-FDD. Abarundi batari bake ngo bagumye bibaza ko Reta izokwikubita agashi igaheba ayo mabi naho shwi. Alexis Sinduhije ati « Inguvu karya kagwi ka CNDD-FDD kagenderako ni ubwoba bwacu, ni ubwoba bw’Abarundi. Uko tugira ubwoba niko karya kagwi kaguma gakomera. Rero, indwara ya mbere tubwirizwa gukira kugira dukire inzara, dukire ubukene, dukire CNDD-FDD, ni uko dutsinda tugakira ubwoba ».


Retour