Urubanza rw’ikiringo ca 3: Ukuri guca mu ziko ntigusha.

Itariki 25 z’ukwezi kw’icumi na rimwe 2021, sentare y’iyungururizo y’umuryango wa Afrika y’Ubuseruko yarashikirije urubunza ruvuga ko ikiringo ca gatatu ca Pierre Nkurunziza cari kinyuranye n’amategeko. Mbe ivyo bivuze iki ku gihugu cacu? Birakunda ko urwo rubanza ruja mu ngiro? Mu mugambwe MSD hoho babibona gute?

Ihindurwa ry’ibwirizwa shingiro muri Afrika ryabaye umukenyuro w’abategetsi bashaka kwigumiza ku butegetsi. Ahatari hake vyaciye mu nguvu gurtyo abatwara bigumira ku butegetsi. Mu Burundi, CNDD-FDD yaragerageje mu 2014 guhindura ibwirizwa shingiro biranka. Mugabo Pierre Nkurunziza n’umugambwe wiwe CNDD-FDD bari biyemeje y’uko Pierre Nkurunziza ategerezwa gutwara ikiringo kigira gatatu. Ico gihe, baciye batangura gucurika ingingo zimwe zimwe z’ibwirizwa shingiro, baziha insiguro bishakiye kugira bumvishe Abarundi ko Pierre Nkurunziza ata kimubuza gusubira kwitoza. Itariki 25 z’ukwezi kwa kane mu 2015, umugambwe CNDD-FDD waciye ushira imbere Pierre Nkurunziza ngo niwe watoye awuserukire mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu 2015.

Uruhagarara ruba ruradutse

Ishavu ryari mu Barundi ritewe n’intwaro mbi ya CNDD-FDD bari bamazemwo imyaka ryaciye rirushirizaho kuduga. Imyiyerekano yo kwiyamiriza ico kiringo, yari yatanguye buhorobuhoro imbere yaho, ica irongerekana mu gihugu cose. Bamwe mu bayigiyemwo baricwa, abandi barafungwa, abandi baranyuruzwa, abandi baraborezwa igufa, abandi barahunga, gushika ubu abarenga ibihumbi 300 bakaba bakiri mu buhungiro. Mu bahunze harimwo abanyaporitike, abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike hamwe n’abari mu nzego z’umutekano bari bashatse guhagurukira ibwirizwa shingiro bakoreshejeje inguvu itariki 13 z’ukwezi kwa gatanu mu 2015.

Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro yarabajijwe ico kibazo

Ntivyoroshe na gato kubera itera bwoba ryari ririmwo. Ivyo vyatumye icegera c’uwari arongoye iyo sentare Sylvère Nimpagaritse ahunga igihugu. Iyo sentare niyo yahavuye yemeza ko ukwitoza kwa Pierre Nkurunziza ubugira gatatu mu kibanza c’umukuru w’igihugu bitanyuranye n’amategeko.

Urugamba rwo guharanira ukuri rwaratanguye

Kuva muri 2015, hari Abarundi baciye bahaguruka kugira baharanire ubutungane na demokarasi. Bamwe bafashe inzira ya poritike, abandi bafata inzira y’ibirwanisho. Hariho n’abandi bafashe inzira y’ubutungane. Abo bafashe inzira y’ubutungane baheruka kuronka intsinzi aho sentare y’ibihugu biri mu muryango EAC yavuze ko ikiringo ca gatatu ca Pierre Nkurunziza kitubahirije ibwirizwa shingiro ry’Uburundi.

None birakunda ko ruja mu ngiro?

Ico kibazo ni nkoramutima kuko nico cotuma Uburundi busubira mu nzira ya demokarasi. Umugambwe MSD ubona ko umugambwe CNDD-FDD watembagaje ubutegetsi mu biciye muri ico kiringo ca gatatu. Uwurongoye MSD Alexis Sinduhije yarabisubiyemwo igihe indongozi z’uwo mugambwe zo mu mihingo itandukanye y’isi zariko zirasozera umwiherero zari zimazemwo imisi itatu.

Uno munsi, Uburundi bufise ibwirizwa shingiro rishasha kuva muri 2018. Ryatowe bidaciye mu mategeko. Mwibuke neza yuko ingingo ya 299 y’ibwirizwa shingiro itarekurira ihindurwa ry’ibwirizwa shingiro mu bihe nka birya Uburundi bwari burimwo. N’ayo matora murazi ko yabayemwo impari. Uno munsi kandi hari intwaro nshasha irongowe na Evaritse Ndayishimiye yagiyeho inyuma y’ayo matora nyene atemewe yo mu 2020.

Urwo rubanza rwaciwe na sentare ya Afrika y’Ubuseruko rutwibutsa wa mwibutsa w’Abarundi uvuga uti « ukuri guca mu ziko ntigusha ». Umugambwe MSD ubona ko Abarundi basubijwe ubutegetsi banyazwe ariho urwo rubanza ruzoba ruriko rurashirwa mu ngiro vy’ukuri. Ivyo navyo bitegerezwa guca mu biganiro bidakumira bizotuma umunyagihugu ahabwa ububasha bwo kurongorwa n’abo yitoreye. Mu gusozera umwiherero wo ku magenekerezo ya 16, 17 na 18 Nyakanga 2022, uwurongoye umugambwe MSD Alexis Sinduhije yasavye Abarundi kutadebukirwa kuko impera n’imperuka bazotsinda urugamba rwo kwibohora.


Retour