Ubutungane bwagiye hehe?

Uravye ibisigaye bibera mu Burundi mu gisata c’ubutungane, biraboneka ko ibara ryaguye. Inkingi zose zotuma ubutungane bukora neza zarasenyutse kandi ivyo bimaze imyaka myinshi. Kuva aho umugambwe CNDD-FDD ufatiye ubutegetsi ibintu vyarunyutse. Iyo ngorane iri mu gisata c’ubutungane ikineye inyishu irama.

Iyo nyishu isaba ihinduka ry’ingene ico gisata c’ubutungane gitunganijwe. Ihinduka ry’inyifato y’abacamanza. Bisaba kandi iyongerezwa ry’uburyo bukoreshwa muri ico gisata. Ivyo vyose birakunda gushikirizwa mugabo ishirwa mu ngiro ni akayoberabahinga. Barayamaze bati « uwuja gukira indwara arayirata ». Dufatiye kuri uwo mwibutsa, vyoba vyiza tubanje kwibukanya aho ico gisata c’ubutungane kirwaye.

Uno munsi abantu baricwa, abandi bakanyuruzwa bakaburwa irengero, abandi bagafungirwa ubusa, abandi bakanyagwa utwabo, abandi bagahohoterwa mu buryo butandukanye. Igihugu kirasahurwa. Ariko abakora ayo mabi yose baguma bidegemvya.

Turetse akarenganyo gakorerwa abarundi mu buzima bwa misi yose, hariho akarenganyo gakorerwa abari muri poritike, abamenyeshamakuru, abari mu mashirahamwe adaharanira inyungu za poritike. Mu bahohoterwa harimwo na bamwe mu baba bari mu nzengo z’umutekano bikekwa ko badahuza n’abari ku ntwaro canke iyo bariko barahanura mu bitagenda neza.

Turi mu ntwaro ya « Ryogora duhure! »

Mu banyeporitike, mu basirikare no mu bamenyeshamakuru, uwo ubutegetsi bwahisemwo kudendereza, uwutishwe atabwa mu mvuto iyo atashoboye guhunga. Abamaze kwicwa bazira poritike ni benshi. N’aho umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye avuga ko ubutungane budakora neza, we nyene bwite arafise urahara mw’ifungwa no mw’igandagurwa ry’Abarundi. Ubwa mbere, twibuke y’uko urwego rw’iperereza rutwarirwa mu biro vy’umukuru w’igihugu. Abamaze gufungirwa ubusa canke gupfira mw’ibohero ry’iperereza babazwa ubwa mbere umukuru w’igihugu. Ejo bundi ari mu gihugu c’Ububirigi mwarumvise uko yariko aragerageza kwisigura ku bijanye n’igandagurwa ry’umunywanyi wa CNL yitwa Augustin, yaborejwe igufa hanyuma bamujana kwa muganga amazi yarenze inkombe. Evariste Ndayishimiye yisigura kuko azi neza ko umunsi uri izina azobazwa ibishikira Abarundi n’abanyamahanga bicirwa canke bakoborerezwa igufa mu mabohero y’iperereza n’ahandi.

Umuti urama ni uwuhe?

Umugambwe MSD wamye uharanira ko ubutungane bwigenga. Mu migambi washize ahabona kuva mu 2009, umugambwe MSD wipfuza ko abacamanza batosubira kugenwa n’umukuru w’igihugu. Umugambwe MSD ubona ko inzego zose z’ubutungane, kuva hasi gushika hejuru, zotorwa n’abacamanza nyene. Mu Burundi, hariho abacamanza bafise ubuhinga n’uburambe bwotuma bakora akazi neza. Uguharanira ukuri ni inyifato yotuma umucamanza yigenga vy’ukuri kandi agashira aho intahe ishize. Akarangamutima keza k’abacamanza n’inkingi ikomeye mu gutsimbataza ubwigenge bwabo.

Ikindi naco cotuma ubwigenge bw’abacamanza bukomera ni uko igisata c’ubutungane cotezwa imbere mu kuronswa uburyo bukwiye. Vyotuma abacamanza baronka ibikoresho hamwe n’agashara keza. Agashahara keza kotuma kandi igiturire kigabanuka muri ico gisata. Uburyo butegekanijwe gukoreshwa muri ico gisata mu mwaka w’amafaranga w’2022 ushira uw’2023 arenga imiriyaridi 30 n’imiriyoni 600 y’amarundi. Ayo mahera yababa 1,5 % vy’amafaranga yose Reta izokoresha. Ubushikiranganji bw’ubutungane bukaba buri mu bushikiranganji buronka amahera make cane.

Biratangaje rero kwumva umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yama yidoga ngo ubuntungane ntibukora. Muri make, ntibabwitaho kuko CNDD-FDD irazi neza ko iyo ubutungane buba bukora neza itaba ikiri ku butegetsi. Ni naco gituma uwo mugambwe wagize imbohe ubwo butungane.

Abarundi bakwiye guhaguruka bagaharanira ubutungane bwabo kuko budahari nta mahoro igihugu kizokwigera kironka kandi akarenganyo kakaba kari mu mabi 4 nyamukuru umugambwe CNDD-FDD washimye gusasira indava.


Retour