Barekure

Imyaka itanu iraheze bahawe ikigongwe n’umukuru w’igihugu ariko baracapfunzwe.

Daniel Rugonumugabo (Prison Gitega)
Jean de Dieu Bigirimana (Prison Ngozi)
Clément Hatungimana (Prison Musaga)
Gérard Nahimana (Prison Rumonge)

Ni abanywanyi bane b’umugambwe MSD. Ku wa 8.3.2014 barahagaritswe ku ngoro y’uwo mugambwe mu gisagara ca Bujumbura. Bagifatwa bararenga 60. Dosiye yabo mu butungane ni RPCA 515. Muri nzero 2017, abari muri iyo dosiye barahawe ikigongwe na Prezida Nkurunziza. Umushikiranganji w’ubutungane w’ico gihe, Aimée Laurentine Kanyana, nawe nyene yaravyemanze arasaba amabohero yose kubarekura. Igihe urutonde rw’abarekurwa rwasohoka, amazina y’abo bane ntiyariko. Babajije impamvu bishuwe ko ari imashini yabasimvye, ko ata ngorane bizoca bikosorwa. Bararindiriye ko umurwi wari ubijejwe ubatunganiriza barabura. Barituye umushikiranganji Kanyana, barizezwa ko bigiye guhera, nta cakurikiye. Barituye umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu, CNIDH, urabemerera ko ugiye gukora ibishoboka vyose ngo ako karenganyo karangire, ariko ubu nta n’inyishu CNIDH ikibaha.

Imyaka itanu iraheze batazi ikibapfunze, batazi uwubapfunze. Bagenzi babo basangiye dosiye bose bararekuwe, ariko bo vyaranse.

Ni nde azobarenganura ?

Nyenicubahiro Prezida Ndayishimiye,
Nyakwubahwa Mushikiranganji Domine Banyankimbona,
Raba mutezurire izo nzirakarengane !

#Barekure


Retour