Ubuzima buzimvye munkambi ya Mahama

Kuva aho impunzi ziri mu nkambi ya Mahama zishiriwe mu vyiciro bizicamwo imice, ubuzima bwaciye bugorana.
Iki gihe kuronka ico ugaburira umuryango bisigaye bigoye.
Uyu munsi imiryango myinshi ishobora kurya rimwe mu minsi itatu .
Ivyo rero vyagize ingaruka mu bisata vyinshi vy’ubuzima bwazo.

INDERO: Abana benshi baraheba amashure kumvo zo kubura ibikoresho vya nkenerwa bituma umwana ashobora kwiga neza.
Impuzu zo kwambara, ibirato, ibikoresho vy’ isuku, amakaye akwiye, ….. .
Abana benshi b’ abakobwa barishora mu busambanyi mu ntumbero yo kurondera icorirenza, ivyo navyo bikabaviramwo gutwara inda z’ indaro no kwandura indwara zidakira zifatira mu bihimba vy’irondoka ,… .

UMUTEKANO: Kubera ko imiryango myinshi igizwe n’urwaruka kandi nka yose ikaba atabufasha igihabwa n’ ishirahamwe UNCHR ryitaho impunzi, ubukozi bw’ ikibi bufatiye k’ubusuma bw’ ibikoresho vyo munzu, ivyambarwa ndetse n’ ibifungurwa, bwarabaye bwinshi cane.
Ubwo bukene bwagiye kwunyugwa n’uko n’ibiciro kw’isoko ya Mahama vyaduze .

Uturorero:

*Umuceri wa KIREHE wavuye ku 750frw uja ku 1400frw ku kiro.

*Umureri w’UMUTANZANIYA wavuye ku 1000frw uja ku 1500frw ku kiro.

*Ifu y’UMWUMBATI yavuye ku 250frw ija ku 600frw ku kiro.

*Ifu y’ibigori bita KAWUNGA yavuye ku 650frw ija ku 1100frw ku kiro.

* Ikiro c’IBIRAYI bisanzwe cavuye ku 250frw kija 500frw.

*Iritiro ry’amavuta benshi bita AMAKOTO yavuye ku 1700frw ija ku 2600frw.
* …. .
Ivyo rero biri uko mu gihe n’abitwa ko bahawe akazi n’amashirahamwe akorera mu nkambi ya Mahama bahembwa intica ntikize aho usanga umukozi bamwe bita UMU VOLONTAIRE ahabwa amafaranga 800 y’amanyarwanda n’ukuvuga 0,8 vy’amadorari , ayo nayo akangana ni 24000frw ku kwezi . Amafaranga adashobora kugura ibiro 25kg vy’ifu y’ibigori benshi bita KAWUNGA. Abo bakozi ntako batagize basaba HCR ngo ibafashe badugirizwe agashahara biba ivy’ubusa, mbere bamwe hakubona inyishu yivyo basavye inyishu yabaye iyo kwirukanwa mu kazi . Aho twotanga akarorero k’ABIGISHA bagera kuri 50 bakorera ishirahamwe ADRA .

Ingaruka zabaye nyinshi ku buryo hari n’abahisemwo gusubira mu gihugu cabibarutse, atari uko bavyishimiye, ahubwo ari ukubura uko bagira, mbere bamwe bakaba barishwe, abandi nabo bamaze gushikayo, baratotejwe bongera guhungira mu bihugu bitandukanye harimwo nico bavuyemwo c’ Urwanda.

Impunzi rero zisaba ishirahamwe HCR kubasubiza uburenganzira zatswe, zikongera zigahabwa ubufasha zari zigenewe .


Retour