« Umujama » w’urwaruka: uruhendo rwa Evariste Ndayishimiye.

Kuva kera, Abarundi bari bazi ko guhanahana ubumenyi ari ikintu gifise akamaro mu buzima bw’igihugu. Ariko ubu, ibijanye no guhanahana ubumenyi canke gukarisha ubwenge vyaratitutse. Tutaravye neza nta kazoza keza igihugu cacu gifise. Urwaruka rw’Uburundi aribwo Burundi bw’ejo ntaco ruzomarira igihugu kubera iyi ntwaro mbi ya CNDD-FDD.

Kera vyari bimeze gute?

Imbere y’uko haza intwaro ya gikoroni, guhanahana ubumenyi vyari bihari. Ico gihe abana barigishwa imyuga itandukanye. Kuragira, gucura, kurima n’ibindi vyagiye birigishwa. Turetse ivyo, n’ibijanye no gutwara vyarigishwa. Nk’umwana azoba umwami yarigishwa ingene batwara, ingene batunganiriza Abarundi, inyifato y’umuntu atwara eka n’ibindi.

Aho haziye abakoroni, haraje iyindi myuga isaba ubundi buhinga. Bukebuke Abarundi baratanguye gukora ubundi buzi atari kworora no kurima. Ivyo nivyo vyatumye hashingwa amashure mu gihugu cose gushika n’aho haza kaminuza. Abadukurira hari abatari bake bagiye kwiga za Astrida mu Rwanda. Hari n’abandi bagiye kwiga hanze mu bihugu vy’Iburaya, Amerika, Aziya n’ahandi. Izo nyigisho zagiye ziratangwa nizo zahaye Uburundi ubumenyi butandukanye kandi gushika uno munsi nta wovuga ko zidafise akamaro mu buzima bw’igihugu cacu.

Ubu vyifashe gute?

Ibijanye no gukarisha ubwenge mw’ishure bigeze aho umwansi ashaka kandi vyagiye birunyuka kuva aho CNDD-FDD ifatiye ubutegetsi.
Uturorero ntitubuze. Haraciye imyaka itari mike, abana bunguruzwa bahejeje ikibazo c’umwaka w’icenda bafatira ku manota ari munsi ya 50%. Uyu mwaka uheze wa 2022, umunyeshure ahejeje ishure shingiro yasabwa 36 % kugira yunguruzwe. Ku banyeshure barenga 70000, abanyeshure bababa 41% nibo bashoboye kuronka 50%.

Ibi bitigiri, umugambwe MSD ubona ko ari ingorane ikomeye kuko ntitubona ingene igihugu cacu kizotera imbere gifise urwaruka rutazi ibiharuro, rutazi gukoresha inyabwonko bita ordinateur, rutazi indimi zikoreshwa cane kw’isi nk’icongereza.

Ikibabaje cane ni uko urwaruka rutari ruke baguma baruhenda ngo ruje gukizura. Baguma barwigisha ibijanye n’ivy’igisirikare kandi dufise abasirikare ba Reta.

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yama avuga ngo ni « umujama » w’urwaruka ariko ugasanga ata kintu ariko arabafasha mu bintu bijanye no gukarisha ubwenge. Mu majambo make dushaka kubwira urwaruka rukanure rureke guhendwa kuko intwaro ititaho indero n’ubumenyi ni uko ataco iba inezwe atari kwigumira ku butegetsi.

Izi sanamu twakuye ku rubuga rwa Twitter zerekana uko ikigo ca kaminuza y’Uburundi c’i Kiriri gisigaye gisa. Aya masanamu aca akwereka ingene igihugu gitunganijwe mu bijanye n’indero.

Mugabo, ivyo kutitaho iterambere ry’ubumenyi birafise aho biva. Ejo bundi umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yavuze ngo abafise impamyabushobozi za Docteur bose ntibize kuko ngo ataco bamumariye. Aca avuga kandi ko mu kibazo bakoresheje uwabaye uwa mbere yari umunyeshure ahejeje uwagatandatu mugabo ko uwo yise « directeut général » biramunanira.

Evariste Ndayishimiye asa n’umuntu atemera ko kwiga mu mashure bifise akamaro mw’iterambere ry’igihugu. Akandi karorero ni ak’umunyamabanga mukuru w’umugambwe uri ku butegetsi Réverien Ndikuriyo. Nawe aheruka kuvuga y’uko ivyo bigisha mw’ishure ataco bizofasha mu buzima. Yatanze akarorero ko ibiharuro twiga bitazodufasha gufata inswa.

Mbe yibaza ko abantu biga ibiharuro kugira amaherezo bazoje gufata iswa ?

Abarundi barayamaze ngo « Umwera uva i bukuru ugakwira hose ». Ibi bintu vyo kutitaho ishure biva i bukuru, biva ku ndongozi. Ejo ntituze dutangare vyarakwiye igihugu cose.

Abarundi bose, bipfuza ineza y’igihugu na cane cane kazoza k’urwaruka, bohaguruka bavuga bati « geza aho », bakereka abo baramutswa igihugu ko babahinyuye, ko banse ko Abarundi babuzwa kwiga ikibonane. Ivyo bonyarutsa kubikora amazi atararenga inkombe.


Retour