Ikete ku mushingantahe w’ijunja n’ijambo, Imvugakuri Innocent NIYONZIMA.

Mushingantahe, mw’izina ry’abo mwagendanye kandi mwakoranye ibitari bike, ndakwandikiye rino kete nzi neza ko udashobora kurisoma kuko Imana yagushimye kuturusha hanyuma ikakwisubiza. Kuva tucumva iyo nkuru mbi y’incamugongo, imitima yacu twebwe abo mwagendanye, abo mwakoranye, yaravunaguritse, turabura ingene dushobora kwifata, ariko twibutse ibikorwa vy’iteka wakoze mu guharanira ihinduka mu Burundi, twarigumije bituma turema kanatsinda twese niyo nzira.

Mfashe kano kanya mw’izina ry’abo mwagendanye, kandi mwakoranye ibikorwa bitari bike, na cane cane mu kwubaka no mu gutanguza urugamba rwo guharanira ihinduka mu Burundi, tubicishije mu mugambwe MSD kugira ngo ndakwibutse bike mu vyo tuzokwibukirako, kandi ndazi ko uvyumva aho uruhukiye.

Mushingantahe Innocent, ntituzokwibagira ubutwari bwawe mu rugendo twagendanye bushingiye cane cane mu guca bugufi  no kwubaha abo wari urongoye ibidakunda gushobokera benshi. Turakwibuka utwicarika ukatuganiriza ukatugisha inama mu bihe bikomeye twagiye turacamwo, turondera ico twokora gushika n’aho twarara amajoro n’amajoro ariko ukaturemesha ngo ntiducike intege. Ndakwibuka mu bikorwa vyose twakoze ko wagaragaje ubutwari budasanzwe kanatsinda benshi bazokwama babikwibukirako. Turakwibuka ingene wihanganira abantu bose no mu gihe bamwe baba bariko bashikiriza ibitandukanye n’ivyiyumviro vyanyu ariko ukabumviriza mpaka tugashika ku kintu kitwubaka twese.

Innocent, turakwibuka cane cane ingene waduhimiriza gushigikirana mu gihe umwe muri twebwe yaba yagize ikibazo canke ingorane. Uretse twebwe twagendanye kandi twakoranye, abantu benshi, abo twari dusangiye urugamba eka mbere n’abo tutari turusangiye, turazi ko ugiye mu mahoro, kuko ugiye udahemukiye abo mwagendanye. Uri intahemuka, uri umugabo yigisha gufatana mu nda akanabikora. Ntidukekeranya ko wari ubizi ko uri mu kugenda dufatiye ku bimenyetso wadusigiye.

Nagire ndakwibutse ko imbere y’imisi itatu ngo Imana iguhamagare, ko washoboye kumpamagara inyuma y’igihe kirekire tutabonana, uraheza urampa ubutumwa nzoha abantu batari bake twagendanye, vyaranyeretse bidasubirwamwo ko wariko uradusezera kandi wadusezeye neza. Ico ndagusezeraniye, ni uko ubutumwa wampaye nzobushikana aho wantumye nk’uko wavyipfuje.

Ntituzokwibagira ingene wabana neza n’abantu bose mu butandukane bwabo nk’uko wagiye ubigaragaza. Ku bwacu, naho bavuga mu kirundi ngo ahavuye umugabo imbeho irinjira, ntituzovyemera ko imbeho yinjira, kuko ataco twoba twarakwigiyeko. Iragi ryawe tuzorigendera, kandi turazi  neza ko uzoshimishwa nuko ikivi watanguje co guharanira ukuri, uguca bugufi n’ubuntu bishigikiwe n’intwaro iha umwidegemvyo Abarundi bose tugikomeje kandi tukagishikana ku musozo, mbere n’abana bawe usize bakazokwamura ivyamwa bivuye ku giti umuvyeyi wabo yasize ateragiye.

Mu kurangiza ubu butumwa, ndangije ndakwipfuriza ko aho uri woruhukira mu mahoro ibihe vyose natwe tuzohora tukwibuka  dufatana mu nda, duca bugufi nk’uko wakunda kubitwereka.

Haragahoraho intwari zidahemuka nkawe.

Umwe mu bo mwari musangiye urugamba, NIYONGABO Athanase alias KEZA (MSD Kayanza)


Retour