Umuti urama w’ibibazo vy’Uburundi ni inzego n’indongozi zibushitse.

Igihugu c’Uburundi kimaze imyaka itari mike kiri mu bibazo vy’umutekano muke, ikibazo c’ubwicanyi butagira izina, ikibazo c’ubukene buzura inzara eka n’ibindi bibazo vyinshi bihanze abarundi na cane cane urwaruka.

Benshi baribaza ingene tuzokira ivyo bibazo mugabo bikabasiga kuko bisa naho vyabaye akayoberabahinga. Mu nyishu bakunda gutanga barakunda kuvuga ko igihugu cacu kibuze indongozi zibushitse zishobora gutunganya ivy’igihugu. Ni gake duhora twumva mu nyishu bashikiriza uruhara rw’inzego mu gukomeza intwaro irama. Mu mugambwe MSD, dushaka kubasangiza inyishu zimwe zimwe twibaza ko zoba umuti urama ku gihugu cacu c’Uburundi.

Indongozi ibushitse

Iyo tuvuze indongonzi ibushitse, muri MSD, tuba dushaka kuvuga indongonzi ifise imbono, indongonzi itwarira abarundi bose, izi kwicisha bugufi, igendera ubuntu kandi muvyo ikora ari akarorero keza abandi bofatirako. N’aho mwumva bitoroshe gukwiza ivyo bintu vyose ntawovuga ko mu Burundi tubuze indongozi zibushitse mugabo indongozi nyinshi zashaka impinduka nziza ku gihugu cacu zarishwe, izindi barazizivya, izindi nazo zitekewe n’ubwoba muri bino bihe.

None indongozi ibushitse izova hehe?

Muri MSD, tubona ko vyose biva hasi. Mu kinyamazuru twovuga ko « A leader is a leader by the will of people. »

Ikindi naco ni uko muri kino kinjana isi igezemwo, aho ibihugu bitwarwa hisunzwe intwaro ya demokarasi, indongonzi ziratorwa ntiziva mu kirere, ntiziba zavukanye imbuto nk’uko vyari bimeze kera, kandi ntizija mu mabanga yo kurongora igihugu zikoresheje inguvu.

Izo ndongozi zibushitse zaba izigenga canke iziva mu migambwe zisabwa kuba zifise imbono n’imigambi zisangiye n’abo bakorana. Iyo mbono canke imigambi abanyagihugu bayishimye niyo batora bagaheza bagaha umutahe izo ndongozi zifise iyo migambi canke imbono kugira zirongore igihugu. Muri MSD, twebwe twemera yuko yaba imbono canke imigambi bifise igihe bimara. Turemera yuko aha turi hari abandi kandi ejo hazoba hari abandi.

Ikindi ni uko iyo mbono canke imigambi mu gihe izo ndongozi zidashoboye kuyishikako, abanyagihugu baheza bakazisubiriza abandi babishoboye. Ubu n’abanyagihugu nabo nyene barafise aho bageza kuko kenshi bigora kubogoza izo ndongozi ikiringo cazo kitarahera.

Turemera ko indongozi zibushitse zikenewe mugabo muri MSD turemeza ko indongozi yamaho itabaho kandi ko vyose biva cane cane hasi mu banyagihugu. Aha dushaka gutera akamo abarundi ko igihe co guha umutahe indongozi zibushitse kigeze kuko igihugu cacu kigeze aho umwansi ashaka.

Inzego zibushitse

Nk’uko twabivuze mu gace ka mbere nta ndongozi zibushitse igihugu cacu kibuze. Mugabo inzego zibushitse gushika uno munsi turabona ko Uburundi butagize amahirwe yo kuzironka. Aha dushaka kuvuga ko kuva Uburundi bwikukiye, izo ndongozi zibushitse zariho kuko Uburundi butari kuba igihugu kimaze ibinjana kiriho iyo butazigira, mugabo gusa igihugu cabuze inzego zibushitse. Muti gute ata nzego zibushitse twigeze turonka kuva Uburundi bwikukiye ? Iyo tuvuze inzego zibushitse muri MSD tuba dushaka kuvuga « Inzego zirama, zemewe kandi zishigikiwe  n’abanyagihugu, zigenga kandi zigenzwa n’ineza y’igihugu ». Gushika uno munsi usanga inzego dufise zikorera umugambwe uri ku butegetsi kuko zitigenga. Ikindi usanga aho gukora ivyofasha abanyagihugu zikora ibishimisha abari ku butegetsi.

Kugira mutahure neza izo nzego zibushitse uko zimeze mu bihugu bizifise reka tubahe akarorero. Mu gihugu c’Ubufaransa canke ca Reta zunze ubumwe za Amerika mumaze iminsi mubona ingene inzego z’ubutungane zishobora gutumako abahoze batwara ivyo ibihugu kugira bisigure kuvyo bagirizwa. Mu Bufaransa hoho uwahoze ari umukuru w’igihugu Nicolas Sarkozy baramuciriye urubanza rwo gufungwa. Aho murumva neza ko bafise inzego z’ubutungane zibushitse. Izo nzego z’ubutungane zimeze gurtyo nizo dushaka kandi twipfuriza igihugu cacu.

Akandi karorero ni nk’ibihugu bishobora kumara amezi canke umwaka ata Reta ihari ariko ugasanga ibintu vyose birakora. Mwarabibonye mu Bubirigi, muri Suède aho usanga mu kurindira ko haboneka abatwara igihugu ibintu bibandanya bikora. Umutekano uba uhari, imanza ziracibwa, amasoko ararema, amashure agakora, abarwaye bakavurwa eka ubuzima bukabandanya nk’uko umengo nta cabaye. Muri MSD tubona ko inzego zibushitse hamwe n’indongozi zibushitse ari umuti urama ku ngorane igihugu kiba gifise.

Ivyo vyose ntavyo dufise uno munsi mugabo urwo rugamba tuzorurwana gushika tubishitseko.

Ntitwihebure, ntitudebukirwe kuko akeza kararwanirwa kandi vyose bizova muri twebwe Abarundi.


Retour