Ubutumwa bwo muri Somaliya bwabaye indyankurye?

Alshabab yavuze ko yishe 173, abasirikare b’Uburundi bari ku rubuga bavuga ko muri bagenzi babo hapfuye abarenga 30, urwego rw’intwaramiheto z’Uburundi rworwo ruvuga ko abasirikare 10 aribo bahitanywe n’igitero co ku wa 3 Rusama 2022 c’uwo mugwi witwaje ibirwanisho ugwanya Reta ya Somaliya. Imiryango yaburiye abayo muri ico gitero cabereye mu gisagara ca El Baraf yarahishijwe ivyabaye, bituma ituntura ku mutima kuko itazi ko yogandara canke ko yoja kwishuza amakuru nyayo. Ukudatanga inkuru zitomoye, ikimenyane, igiturire hamwe n’ubunyonyezi ni bimwe mu biranga ubwo butumwa bwo kugarukana amahoro n’umutekano muri Somaliya Abarundi batanguye kujamwo haraheze imyaka 15.  

Mu kwezi kwa Kigarama mu mwaka w’2007, Uburundi niho bwarungika ubwambere abasirikare kugarukana amahoro n’umutekano muri Somaliya. Abarundi basanzeyo Abaganda basanzwe ari na benshi muri izo nteko zijejwe kugarukana umutekano muri ico gihugu. Uburundi bufise muri Somaliya abasirikare barenga 5000, bugaca buba ubwakabiri inyuma ya Uganda ku rutonde rw’ibihugu bifiseyo abasirikare benshi. Ibindi bihugu bifise abasirikare muri Somaliya ni Kenya, Djibouti na Ethiopia.

Imvo zibiri nyamukuru

Twovuga ko hari ibintu bibiri nyamukuru vyatumye abategetsi b’Uburundi bemera kurungika inteko muri Somaliya mu 2007. Ubwambere hari bamwe mu basikare bo mu gisirikare ca kera hamwe n’abavuye mu migwi yagwanya Reta bategerezwa kuvamwo kugira hubakwe ikindi gisirikare gishasha kandi kirimwo iyo migwi yose. Ivyo ntivyari vyoroshe kuko inshumbusho bategerezwa kubatekerera yari amahera menshi kandi vyari bigoye ko aboneka. Ikindi naco ni uko bamwe mu bari ku rutonde rw’abari gusezererwa batashaka kuvamwo batabona ico bagiye gukora. AMISOM yarafashije gukemura ico kibazo. Ikindi AMISOM yafashije ni uko abasirikare bagiye muri ubwo butumwa bwo muri Somaliya baronka agashahara kabona kandi bagarutse mu Burundi baragura amazu n’ibindi imiryango yabo yipfuza. Mu majambo make, twovuga ko abagiyeyo vyatumye bisusunura mu butunzi bimwe biboneka. Ariko i ruhande y’ivyo, AMISOM yabonetsemwo n’ibibi vyinshi.

Uruhande rubi rwa AMISOM

Ubwambere, amahera yava muri AMISOM abategetsi b’Uburundi baciye batangura kuyanyuruza. Tubibutse ko umusirikare w’Umurundi yandikiwe amahera agera ku madorari 1028 ku kwezi. Reta y’Uburundi yaca ibatwara amadorari 200 kandi ikabahemba ayasigaye mu marundi imaze kuyavunja ku giciro gito cane Reta nyene yishingiye biciye mw’ibanki nkuru y’igihugu BRB. Aha umuntu yokwibaza igituma hari ubudasa n’abandi baserukira Uburundi mu makungu.

Ico kibazo c’ingene amahera ya AMISOM akoreshwa caravuzwe cane mu nama nshingamateka yo mu kiringo ca kabiri c’umukuru w’igihugu Pierre Nkurunzinza. Ikindi cavuzwe rwose ni ikororeshwa ry’amahera yavuye muri AMISOM mu kugura indege y’umukuru w’igihugu. Iyo ndege gushika uno munsi nta wuzi ivyayo. Haravuzwe cane n’imishara y’abasirikare wasanga baheraniwe ibirarane vy’amezi arenga ane. Amahera amaze kunyuruzwa mu bijanye n’ubwo butumwa bwo kugarukana amahoro n’umutekano muri Somaliya nta wuzi uko angana. Gushika ubu, nta n’umuco utangwa w’ingene ayo mahera akoreshwa. Ku wa 23 Rusama 2022, ariko arasigurira abashingamateka ibiri mu nteguro y’ibwirizwa iraba ingene Reta yakoresheje uburyo mu mwaka w’amafaranga w’2020 ushira uw’2021, umushikiranganji w’ikigega ca Reta Domitien Ndihokubwayo yamenyesheje ko ibijanye n’amahera yo muri AMISOM, ubu yahindutse ATMIS, ari ivyo kuvugira mw’ibanga kandi ko bidakwiye kumenywa n’uwo ariwe wese. Umugambwe MSD ntukekeranya ko amwe muri ayo mahera yakoreshejwe mu kwica, no gutoteza abatavuga rumwe na CNDD-FDD.

Abasirikare barahoneye muri urwo rudandazwa

Igitigiri c’abasirikare bamaze gupfira muri Somaliya kiragoye kumenya. Bisa n’aho ubwo butumwa, bwahinduye izina ku wa 31 Ntwarante 2022 bukitwa ATMIS, bwabaye uradandazwa, ikiguzi naco kikaba cabaye amaraso y’abasirikare b’Uburundi. Kw’igenekerezo rya 3 Rusama 2022, igihugu c’Uburundi carasubiye kubura abasirikare batari bake. Ntibitahuritse ingene ata kigandaro cabaye. Ibendera ry’Uburundi ntiryigeze rinamanurwa kugira hibukwe abagandaguriwe mu gitero ca Alshabab. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yanditse ubutumwa kuri Twitter bw’imirongo itarenga ine. Biratangaje rwose kubona inyifato nk’iyo na cane cane ku muntu yitwa ko yavuye mu gisirikare afise ipete rya Général.

Abandi babigenza gute?

Kw’isi hari ibihugu vyinshi bimaze kurungika abasoda kugarukana umutekano mu bindi bihugu. Iyo umusikirakare aguye ku rugamba, turetse indishi y’akababaro baha imiryango yabuze, baragerageza gushikira n’iyo miryango kugira bayifate mu mugongo. Muri Reta zunze ubumwe za Amerika hoho imiryango yabuze barayiha n’ibendera ry’ukubereka ko igihugu kibafise ku mutima kandi ko gishima akamaro abasirikare bafitiye igihugu.

Kuki mu Burundi abasirikare badahabwa agaciro gakwiye? Mbega ubutegetsi bwa Evariste Ndayishimiye bwoba bufata abasirikare b’igihugu nk’ibidandazwa njabukamazi bizana amahera y’agaciro?

Kuva ugishingwa, umugambwe MSD warashize imbere Ubuntu, Ubutungane, Ubushingantahe, Umwitwarariko, Ukuri, Ikizira hamwe n’Iteka mu migambi yawo. Mu kiganiro aheruka gutanga, umukuru w’umugambwe MSD yaravuze ko abasirikare b’Uburundi batekewe n’ubwoba ku rugero rumwe n’abanyagihugu basanzwe. Ku bwa Alexis Sinduhije, birabaje kubona abo basirikare bari muri Somaliya batubahutse kuvuga ko ibiziga vy’abaguye ku rugamba bikwiye gutahukanwa mu gihugu bigahambanwa iteka. Umugambwe MSD ubona ko Abarundi bakwiye gutsinda no gukira ubwoba ubutegetsi bwa CNDD-FDD bwabubatsemwo imbere y’ugukira izindi ndwara zizingamitse igihugu.


Retour