Wanka kugwanira umweko wa Nyoko bakagutwara intahe ya So!

Izina “Umushingantahe canke Abashingantahe mu bwinshi” rifise inkomoko ku ntwaro ya cami yarongoye igihugu c’Uburundi muri kahise. Nk’inararibonye n’abanyabwenge, abashingantahe bagize uruhara runini mu gutanga ubutungane no kwuzuriza abantu baba bafitaniye amatati.
Inyuma y’ukwikukira, abashingantahe binjijwe mu nzego za poritike za Reta, mu gihe mu bisanzwe ibikorwa vyabo vyakorerwa inyuma y’ubugenduzi bwa poritike. Urwego rw’abashingantahe rwagiye ruba canke rwegera poritike y’igihugu, ariko rubandanya gufata ikibanza kinini mu gutatura amatati ya buri munsi mu Burundi.
Inyuma y’amasezerano y’amahoro no kunywanisha Abarundi ya Arusha yo mu 2000, hatangujwe imigambi myinshi ijanye no gukomeza urwego rw’Abashingantahe.

Agatotezo kakorewe urwego rw’abashingantahe

N’aho abashingantahe batigeze boroherezwa kuva kuri Repuburika ya mbere, iya kabiri, iya gatatu no mu bindi bihe vyakwirikiye, vyarunyutse CNDD-FDD igeze ku butegetsi. Kuva mu 2005, Umugambwe CNDD-FDD wagiye ugerageza incuro nyinshi cane kugira ufute burundu izina “Abashingantahe” ariko bikagenda biwankira cane kuko Abashingantahe babonwa nk’inararibonye n’abanyabwenge mu kwuzuriza ababitura. Umugambwe CNDD-FDD washatse kenshi kubasubiriza n’imbonerakure ariko ntivyashobotse kuko ata bumenyi bari bafitiye ibikorwa vyatunganywa n’abashingantahe.
Mu gushaka gufuta burundu izina ry’Abashingantahe, CNDD-FDD yashatse kurisubiriza n’irindi zina ryitwa “Abagabo” kuko bavuga ko iyo abo bashingantahe baba bahari, ivyashikiye igihugu bitari gushika ariko bakirengagiza ko ivyo uwo mugambwe uriko urakora bisumba kure cane amabi yakorwa ico gihe.

CNDD-FDD yaciye kandi ikuraho igikoresho cakoreshwa n’abashingantahe mu kwuzuriza ababagana bita “INTAHE”. Hari mu ntumbero yo gukingira abanywanyi bawo kuko intahe itakoreshwa n’umuntu atatiwe, atahawe iryo banga ry’ubushingantahe.

Ihangiro umugambwe CNDD-FDD wari ufise, ryo gukuraho burundu urwego rw’abashingantahe, wahavuye urishikako biciye mu nkinamico y’amatora yatunganijwe mu gihugu cose. Ariko twobibutsa ko muri iyo nkinamico ngo ni amatora, utari umunywanyi wa CNDD-FDD utemererwa kwitoza, wabaca mu ryahumye naho ukitoza bakanagutora, ntiwemererwa kurahira.

Ku wa 22 Nyakanga 2022, niho urwo rwego rw’abashingantahe rwafuswe burundu, aho harahizwa abatowe biciye muri iyo nkinamico ngo babe aribo bakora ca gikorwa gikomeye c’abashingantahe.

Wa wundi ati: « Ico utarabona ucerekwa no kuramba ». Ntaco amaso atatweretse kuri ino ntwaro ya CNDD-FDD. Yafashe ubutungane ibugira igikoresho cayo, gurtyo ita igihugu mw’isanganya, ishira igihugu mu kangaratete.

Agateka k’umuntu niwe akiha kandi uwigize igitebo bamuyoza umwavu. Uno munsi hafuswe urwego rw’abashingantahe, ruje rukwirikira ibindi bibi vyinshi vyagiye birakorwa n’iyo ntwaro.

Ubwoba bwacu nibwo buzotuma babandanya kwica bamwe muri twebwe, abandi bakabacinyiza. Abarundi dukwiye guhagurukira rimwe tukagwanira agateka kacu. Nirwo rukiza rw’igihugu cacu.

Abajijwe ibijanye n’urwego rushasha rwiswe urw’abahuza rwaje gufuta urw’abashingantahe, uwurongoye umugambwe MSD Alexis Sinduhije yavuze ko biri mu ntumbero yo gushaka gutsimbataza umugambwe CNDD-FDD mu mihingo itandukanye y’Uburundi ariko ko bitazoshoboka kuko Abarundi batazovyemera.


Retour